Uko wahagera

Imyiyerekano Yiyama Udupfukamunwa i Madrid muri Espanye


Abantu baharurwa mumajana bakoze imyiyerekano kuri uyu w’Imana i Madrid muri Espanye, biyamiriza kwambara udupfukamunwa n’ayandi mategeko yashizweho na reta mu ntumbero yo guhagarika ikwirakwira ry’umugera wa corona.

Abo banyagihugu baririmba bavuga ko uwo mugera utabaho, ko ibiharuro vy’abapfa bitangwa atari vyo, ko udupfukamunwa twica aho gukiza.

Iyo myiyerekano yitabwe n’imirwi y’abantu itandukanye irimwo n’abarwanya urucanco rwa COVID-19.

Kwambara udupfukamunwa vyatanguye kugirwa itegeko mu ntango z’ukwezi kwa gatanu, ku biyunguruza mu miduga itwara abantu benshi. Mu nyuma ryagizwe itegeko mu gihugu.

Iyi myiyerekano ibaye inyuma y’imisi ibiri reta itangaje ingingo nshasha zirimwo kwugara amazu y’ubunywero. Abarenga 342 800 ni bo bamaze kwandura COVID-19 muri Espanye n’abarenga 28 600 umaze guhitana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG