Uko wahagera

Uburayi Busabwa Kugabangana Impunzi z'i Moria mu Bugiriki


Abakora imyiyerekano batabariza impunzi z'i Lesbos

Ibihumbi vy’abantu bihereje amabarabara kuri uyu w’Imana i Berlin ku murwa mukuru w’Ubudagi hamwe no mu bindi bisagara, basaba umuryango w’ubumwe bwa Bulaya kwakira impunzi zitagira aho zikika umusaya inyuma y’aho umuriro uturirirye ikambi barimwo mu Bugiriki.

Igiporisi cavuze ko abantu hafi 5 000 bitabiriye iyo myiyerekano i Berlin honyene.

Ahandi iyo myiyerekano yabaye ni mu bisagara vya Cologne, Munich na Leipzig mu Budagi nyene.

Abantu 12 700 ntibagira aho bakika umusaya inyuma y’aho umuriro utuririye ugatongora ikambi barimwo y’i Moria kw’izinga ry’Ubugiriki rya Lesbos mu ndwi iheze.

Kuva ico gihe, abashika 9 000 babaye barashirwa mu kambi nshasha y’agateganyo.

Inyuma y’isamburwa ry’iyo kambi y’i Moria, amashirahamwe y’abagiraneza yaciye atangura gusaba ko izo mpunzi zikurwa kuri iryo zinga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG