Uko wahagera

Prezida Trump Yafashije Amasezerano ya Isirayeli, Emira z'Abarabu Zunze Ubumwe na Bahrein


Perezida Donald Trump, hagati, ibubamfu, umushikiranganji w'imigenderanire wa Bahrain, Khalid bin Ahmed Al Khalifa, umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu, Trump, n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Emira z'Abarabu zunze ubumw Abdullah bin Zayed al-Nahyan.
Perezida Donald Trump, hagati, ibubamfu, umushikiranganji w'imigenderanire wa Bahrain, Khalid bin Ahmed Al Khalifa, umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu, Trump, n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Emira z'Abarabu zunze ubumw Abdullah bin Zayed al-Nahyan.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yahagarariye ibirori ku ngoro ya White House kuri uyu wa kabiri ahasinyiwe amasezerano yo kunagura imigenderanire hagati ya Isirayeli n’amareta ya Emira z’Abarabu zunze ubumwe na Bahren.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu, umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu wa Emira z’Abarabu zunze ubumwe Abdullah bin Zayed hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire wa Bahrein, Abdullatif bin Rashid al Zayani bateye imikono kuco bise “Amasezerano ya Abraham” muri White House.

Netanyahu yavuze ko aya masezerano azokwagurwa no ku bindi bihugu vy’abarabu, kandi ashobora kuzorangiza amatati y’intambara hagati ya Isirayeli n’Abarabu.

Prezida Trump ntiyavuze abanyepalestina mw’ijambo yashikirije hariko harasinywa ayo masezerano. Yemeje ko uku kwunga imigenderanire hagati ya Isirayeli n’ibihugu vy’abarabu ari kimwe mu twogoro twa kidipolomasiya dutumbereye kugondoza abanyepalestina nabo bakaganira amasezerano y’amahoro.

Umushikiranganji wa mbere wa Palestina, Mohammad Shtayyeh, yaneguye ayo “masezerano ya Abraham”, ayita “Umusi wirabura mu mateka y’ibihugu vy’abarabu.”

Muri ayo masezerano hagati ya Emira z’Abarabu zunze ubumwe, umushikiranganji wa mbere Netanyahu yemeye guhagarika umugambi wo kwiyomekerako ibice vyo muri Cisjordaniya. Ariko abasesanguzi bavuga ko guhagarika kwomeka ivyo bice kuri Isirayeli ataco bivuze ku bibera ku rubuga.

Reta ya Trump ifise ivyishimo ko ayo masezerano hagati ya Isirayeli, Emira z’Abarabu zunze ubumwe hamwe na Bahrein ari intsinzi ikomeye muri dipolomasiya mu gihe hasigaye amezi abiri ngo habe amatora y’umukuru w’igihugu.

Umudemokrate Joe Biden azohiganwa na Trump yavuze ko ashigikiye ko n’ibindi bihugu vy’Abarabu bikwiye kwunga imigenderanire na Isirayeli ariko ko yibaza ko Isirayeli yokwitegura ko habaho reta ya Palesitina.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG