Uko wahagera

Cote d'Ivuware: Sentare Yemereye Ouattara Kwiyamamariza Manda ya 3


Perezida wa Cote d'Ivuware Alassane Ouattara
Perezida wa Cote d'Ivuware Alassane Ouattara

Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro muri Cote d’Ivuware kuri uyu wa mbere yugururiye inzira Perezida Alassane Ouattara yo kwiyamamariza manda ya gatatu.

Iyo sentare kandi yankiye uwahoze ari perezida Laurent Gbagbo hamwe n’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, Guillaume Soro guhiganwa muri ayo matora yo mu kwezi kuza kw’icumi itariki ya 31. Yemereye gusa bane muri 44 bari batanze dosiye zabo bipfuza kuzohiganirwa iyo ntebe.

Ku murwa mukuru w’ubutunzi Abidjan, abakora imyiyerekano baturiye imodokari ya bus mu gace ka Yopougon, inyuma yo gushamirana kwabaye hagati y’urwaruka n’abajejwe umutekano.

Abantu hafi 15 baramaze kwicwa mu mishamirano kuva Perezida Ouattara, w’imyaka 78, atangaje mu kwezi guheze ko azohiganwa muri manda ya gatatu. Ni mu gihe kandi hari ubwoba ko hashobora kwaduka intambara nk’iyahitanye ubuzima bw’abashika 3 000 haraheze imyaka cumi.

Naho ibwirizwa shingiro ryemera ko perezida atwara manda zibiri, Ouattara n’abamushigikiye bisiguye bavuga ko ibwirizwa shingiro ryo mu 2016 rimwemerera gutangura gusha manda kuri zero.

Komisiyo ijejwe amatora yamye ivuga ko uwo wese yaciriwe urubanza ku caha kanaka yakoze atazemererwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. Yazibiye kandidatire ya Guillaume Soro mur’iryo higanwa kuko yaciriwe imyaka 20 y’igifungo yagirijwe kunyuruza ubutunzi bw’igihugu.

Perezida Gbagbo nawe yaciriwe impaga y'igifungo c’imyaka 20 atahari, yagirizwa ubusahuzi bwabaye kw’ibanki y’ibihugu vyo muri Afrika y’uburengero mu ruhagarara rwa politike rwo mu 2010.

Uwahoze ari perezida, Henri Konan Bedie, we yugururiwe inzira muri ayo matora. Niwe yitezwe kuba umunyapolitike w’ijunja azohangana na Perezida Ouattara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG