Uko wahagera

Cote d'Ivuware: Alassane Ouattara Azokwitoreza Manda ya Gatatu


Perezida wa Cote d’Ivuware, Alassane Ouattara, yavuze kuri uyu wa kane ko azokwitoreza ikiringo kigira gatatu mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kwa cumi. Aya matora azoba inyuma y’imyaka habaye imivurungano ya politike n’intambara y’abenegihugu muri ico gihugu ca mbere cimbura cacao.

Ouattara ubwa mbere yari yagenye umushikiranganji wiwe wa mbere, Amadou Gon Coulibaly ngo abe ari we azokwitoza mu mugambwe wiwe ariko mu nyuma uwo yahavuye yicwa n’ingwara y’umutima kw’itariki ya 8 y’ukwezi kw’indwi.

Abakurikirana ibibera muri ico gihugu bavuga ko iyo ngingo Ouattara afashe ishobora gutera imidurumbanyo mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG