Uko wahagera

Amerika na Irani Birashobora Kugiranira Amahoro?


Jared Kushner, umuhanuzi mukuru wa perezida Donald Trump, mu kiganiro na VOA i Washington, kw'itariki 18/08/2020.
Jared Kushner, umuhanuzi mukuru wa perezida Donald Trump, mu kiganiro na VOA i Washington, kw'itariki 18/08/2020.

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Jared Kushner, umuhanuzi mukuru mu biro vya Perezida Donald Trump asaba Irani kugira amahoro na Amerika. Ni mu gihe Perezida Trump avuga ko ashobora gusubira mu biganiro na Irani mu gihe yokwongera gutorwa mu kwezi kwa cumi na kumwe.

Mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika ku musi wa kabiri, Kushner yateye akamo perezida wa Irani, Hassan Rouhani ko kuganira na Amerika.

Yabwiye Rouhani ko igihe kigeze co kugira icokorwa mu karere. Avuga ko badakwiye kuguma mu ntambara ya kahise, ko bakwiye kuja hamwe bakazana amahoro.

Icuka kibi hagati ya Amerika na Irani cunyutse kuva aho Perezida Trump ashikiye ku butegetsi mu 2017. Amerika yarakajije ibihano kuri Irani kuva mu 2018 mu ntumbero yo guhagarika ibikorwa vya Irani bihungabanya umutekano.

Irani yavuze ko izohangana n’ivyo bihano, ibandanye gushigikira imihari iri mu karere irwanya Amerika no kwivuna ibitero vyose vyoza biyigana.

Barbara Slavin, umusesenguzi w’umunya Irani yabwiye Ijwi ry’Amerika ko bigoye kwemera ivyatangajwe na Kushner ahamagarira amahoro na Irani. Avuga ko Trump ategekanya gusaba akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kugumizaho ibihano vyose vyafatiwe Irani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG