Uko wahagera

Ingwano Iramota Hagati ya Amerika na Irani Kubera Arabiya Sawudite


Perezida wa Irani Hassan Rouhani kumwe n'uwa Amerika Donald Trump
Perezida wa Irani Hassan Rouhani kumwe n'uwa Amerika Donald Trump

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Irani n’ayandi makungu Mohammad Javad Zarif agabisha Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Arabiya Sawudite ko bagahirahira bagatera igihugu ciwe bazoba basomborokeje ingwano nya ngwano.

Mu kiganiro Mohammad Javad Zarif yahaye imboneshakure yo muri Amerika, CNN, umunyamakuru yamubajije ati : "Ni izahe ngaruka zizoba Amerika na Arabiya Sawudite ni vyaramuka bigavye ibitero vya gisirikare muri Irani ? »Nawe ati « Ingwano sindamusiga ».

Mu rugendo umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu, Mike Pompeo yagize ejo ku wa gatatu muri Arabiya Sawudite yegetse ibitero vy’indege zitagira umudereva mu kibanza cimburirwamwo ibitoro muri ico gihugu kuri Irani yongera yita ivyo bitero «Ikimenyesto c’intambara ».

Perezida wa Amerika Donald Trump ku ruhande rwiwe nawe amaze gutangaza ko hambavu y’ibitero vya gisirikare Amerika ishobora kugaba muri Irani ico gihugu gifise uburyo bwinshi bwo guhora igitero ca Irani muri Arabiya Sawudite. Trump yavuze kandi ko bitarenze amasaha 48, ibihano bishasha kuri Irani bizoba vyasohotse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG