Uko wahagera

USA Isaba ko Ibihano ku Bigwanisho kuri Irani Vyongerezwa Ikiringo


Abagize akanama ka ONU kajejwe amahoro n'umutekano bakoranye i New York.
Abagize akanama ka ONU kajejwe amahoro n'umutekano bakoranye i New York.

Reta zunze ubumwe za Amerika mu ndwi iza izorungikira akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano integuro y’itegeko ryongereza ikiringo c’ibihano vyo kubuza Irani kugura ibirwanisho. Ni mu gihe Uburusiya n’Ubushinwa vyiteguye kwanka iyo nteguro mu gukoresha ububasha bafise muri ako kanama.

Ibihano bibuza Irani kugura ibirwanisho birangirana n’ukwezi kw’icumi itariki 18. Amerika yipfuza ko bibandanya.

Umushikiranganji w’imigenderanire wa Amerika n’ayandi makungu, Mike Pompeo yavuze ko hari ibimenyetso vyerekana ko Ubushinwa bwiteguye kugurisha ibirwanisho bitari bike muri Irani.

Pompeo avuga ko ivyo birwanisho bigamije guhungabanya akarere ko mu buseruko bwo hagati, gushira ubuzima bw’abanyesirayeli, Ubulayi hamwe na Amerika mu mutekano muke.

Avuga kandi ko Amerika izokoresha uburyo bwose bwa kidipolomasiya ifise kugira ivyo ntibibe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG