Abantu bashika kuri bane baramaze gupfa mu ntureka zabaye muri Cote d’Ivuware inyuma y’ingingo ya Perezida Alassane Ouattara yo kwitoreza manda ya gatatu mu kwezi kw’icumi.
Ababibonye hamwe n’amakuru ava mu bajejwe umutekano bavuga ko batatu bishwe mu musi wa gatatu mu gisagara ca Daoukro, mu gutana mu mutwe kwabaye hagati y’abayoboke ba Ouattara hamwe n’abashigikiye Henri Konan Bedie.
Kuri uyu wa kane, umusore w’imyaka 18 yiciwe mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Bonoua, ku bilometero 50 uva ku murwa mukuru w’ubutunzi Abidjan. Umukuru w’ico gisagara Jean Paul Ametier yavuze ko yiciwe mu mishamirano hagati y’abajejwe umutekano n’abiyerekana mu mabarabara.
I Abidjan, utugwi tw’abigaragamvya twazibiye amabarabara, turaturira n’abapine mu kwitabira akamo batewe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe na sosiyete sivile. Bavuga ko kandidatire ya Ouatara iteye kubiri n’ibiwirizwa shingiro.
Ouattara, w’imyaka 78, yatangaje mu ndwi iheze ko ashobora kuzoba kandida mu matora yo kw’italiki ya 31 ukwezi kwa cumi. Ni inyuma y’aho umushikiranganji wa mbere, Amadou Gon Coulibaly yari yahisemwo muri ico kibanza yahavuye mu nyuma yitaba Imana azize indwara y’umutima.
Facebook Forum