Uko wahagera

Umwumvikano wa Politiki Muke Uracyateje Impari muri Mali


Abakora imyigaragambyo irwanya Perezida Ibrahim Boubacar Keita
Abakora imyigaragambyo irwanya Perezida Ibrahim Boubacar Keita

Umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta wanse kwemera umugambi w’umugwi ujejwe kwumvikanisha impande zompi kugira intureka za politike zihagarare. Ivyo bibaye mu gihe ico gihugu gihanzwe n’ubwicanyi bugirwa n’imigwi y’intagondwa z’abayisilamu.

Umugwi wiswe “Movement Juin 5”, wanse umugambi washizwe ahabona ku musi wa mungu wari wateguwe n’umuryango w’ubutunzi bw’ibihugu vya Afrika y’uburengero, CEDEAO. Uwo mugambi wasaba umukuru w'igihugu Ibrahim Boubacar Keita gushinga reta rusangi irimwo abo mu mugambwe utavuga rumwe na reta.

Umukuru w’igihugu asanzwe yari aheruka kwemera ivyo abo batavuga rumwe na reta basavye, mu gutesha agaciro sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa shingiro.

Ubu “Movement Juin 5” ubandanya gusaba ko umukuru w’igihugu ava ku butegetsi mu gihe ubutunzi bw’ico gihugu bubangamiwe. Ikindi ni uko ata mwumvikano uhari ku vyavuye mu matora y’abashingamateka.

Umugwi wa CEDEAO ntiwemera ivyo abatavuga rumwe na reta basaba ko umukuru w’igihugu yotanga imihoho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG