Uko wahagera

CEDEAO Yarungitse Intumwa Guhuza Abashamiranye muri Mali


Abakuru b'ibihugu bihurikiya muri CEDEAO
Abakuru b'ibihugu bihurikiya muri CEDEAO

Intumwa z’ibihugu bibanyi na Mali, zashitse i Bamako kuri uyu wa gatatu gufasha guhuza abashamiranye muri politike. Izi ntumwa ziserukira ibihugu 15 bigize ishirahamwe CEDEAO zirongowe n’uwahoze ari perezida wa Nijeriya, Goodluck Jonathan. Zigiye kwumvikanisha Perezida Ibrahim Boubacar Keita hamwe n’abari mu myiyerekano bamusaba gutanga imihoho.

Ni mu gihe hari iyindi myiyerekano itegekanijwe kuri uyu wa gatanu. Iyabaye mu ndwi iheze yamaze iminsi itatu yaranzwemwo ugutana mu mitwe n’abajejwe umutekano kwatumye abantu 11 bapfa abandi 158 barakomereka.

Uwo murwi w’abakora imyiyerekano wiswe uwo “kw’itariki 5 z’ukwezi kwa gatandatu” ugizwe n’urunani rw’abanyepolitike, n’abari mu mashirahamwe ya sosiyete sivile. Banegura perezida ko yananiwe guhagarika umurwi w’abarwanyi umaze imyaka umunani uhungabanya umutekano w’igihugu. Ubwo bwicanyi bumaze guhitana ibihumbi vy’abanyagihugu hamwe n’ibihumbi amajana bataye ingo zabo bahungira muri Nijeri na Burkina Faso.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG