Uko wahagera

ONU Inegura Reta ya Mali Yaciye Interneti mu Gihe c'Imyiyerekano


Igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu gitera ivyatsi ingendo ya Reta muri Mali yo kwugara interneti. Ico gisata catangaje uno munsi ko kirajwe kandi ishinga n’irwirirana ry’amakuru y’ibinyoma muri ico gihugu kiri mu ruhagarara rwa politike.

Umuvugizi w’ico gisata, Liz Throssel, mu nama n'ibihugu bigize ico gisata, yavuze ko naho hari amajambo y’inzanko akomeje gucishwa ku mbuga ngurukanabumenyi, ingingo ya Reta yo kugara interneti yaka uburenganzira abanyagihugu bwo kuronka amakuru.

Ku rundi ruhande ico gisata gisanga uguterana amajambo abatavuga rumwe mu vya politike bari bamaze iminsi bacisha ku mbuga ngurukanabumenyi kwohavuye kunyura icuka cari gisanzwe ari kibi. Gusa ku bwa ONU, Reta yari ibwirijwe gutorera umuti ico kibazo itarinze kugara interneti.

Uruhagarara ruri muri Mali rwatewe n’abanyagihugu bamaze iminsi biyamiriza ubutegetsi bwa Perezida Ibrahim Boubacar Keïta. Reta ivuga ko abaguye muri iyo myiyerekano yo kuva mu ndwi iheze ari 11, abakomeretse 158. ONU ku ruhande rwayo yamara ko abo izi neza ko biciwe muri iyo myiyerekano ari n’imiburiburi 14.

Hagati aho, umushikiranganji wa mbere wa Mali yasavye imbabazi abanyagihugu ku nguvu zirengeje zakoreshejwe na polisi y’ico gihugu no ku masasu yamijaguwe mu banyagihugu bari mu myiyerekanoi mu ndwi iheze. Yaneguye ariko abatavuga rumwe na Reta bakomeje gusaba Perezida Ibrahim Boubacar Keïta kwegura , ababwira ko ingendo yabo inyuranye na "Demokarasi".

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG