Uko wahagera

Pompeo Ahanura Isirayeli Kutihutisha Kwigarurira Cisjordaniya


Umushikiranganji wa Amerika w'imigenderanire Mike Pompeo abonana n'umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu i Yerusalem, kw'itariki ya 13/05/2020
Umushikiranganji wa Amerika w'imigenderanire Mike Pompeo abonana n'umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu i Yerusalem, kw'itariki ya 13/05/2020

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Mike Pompeo yahanuye Isirayeli kutihutisha gushira mu ngiro umugambi wayo wo kwigarurira ibice vya Cisjordaniya. Abadashigikiye uwo mugambi bavuga ko bishobora gusambura amahirwe y’amahoro arama aronderwa muri ako karere.

Pompeo yari muri Isirayeli kuri uyu wa gatatu kuganira n’umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu.

Isirayeli igomba gufatanya ku gihugu 30 kw’ijana vy’intara ya Cisjordaniya yanyaze mu ntambara y’iminsi itandatu yo mu 1967. Kuva ico gihe ako karere kari mu minwe ya Isirayeli.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Bulaya rivuga ko uwo mugambi wa Isirayeli ushobora kuburizamwo umugambi w’amahoro kandi n’imbarutso y’uruhagarara rw’intambara mu karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG