Uko wahagera

Abanyezimbabwe Barahunga Inzara muri Botswana Kubera COVID-19


Umuntu ariko agenda n'amaguru mw'ibarabara ritagiramwo uruja n'uruza i Gaborone. Isanamu yafashwe kw'italiki 05/04/2020
Umuntu ariko agenda n'amaguru mw'ibarabara ritagiramwo uruja n'uruza i Gaborone. Isanamu yafashwe kw'italiki 05/04/2020

Abanyezimbabwe b'abimukira baharurwa mu majana baba muri Botswana bariko bariyandikisha ngo batahe mu gihugu cabo. Bavuga ko ikiza ca Corona kigiye gutuma bicwa n’inzara.

Abo bimukira bari babeshejweho n’ubuzi butobuto, ariko kuva aho Botswana ihagarikiye ibikorwa vyose kubera Corona, ntibakironka aho bisumamwo. Baridogera kandi reta ya Botswana kuko yabakuye ku rutonde rw’abanyagihugu baronswa imfashanyo z'ibifungurwa.

Ntibizwi neza abanyezimbabwe baba muri Botswana uko bangana, ariko buri mwaka reta ya Botswana yirukana abatagira ivyangombwa bagereranywa ku 15000.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG