Uko wahagera

Botswana: 10% vy'Umushahara w'Abagize Reta Bizokora mu Kurwanya COVID19


Perezida wa Botswana Mokgweetsi Masisi
Perezida wa Botswana Mokgweetsi Masisi

Abagize Reta y’igihugu ca Botswana bemeye gutanga ibice 10 kw’ijana vy’imishahara yabo mu kiringo c’amezi atandatu, kugira bifashe mu rugamba rw’ukurwanya ikiza c’umugera wa Corona.

Ku bw’icegera c’umukuru w’igihugu, Slumber Tsogwane, ayo mafaranga azoja mu kigega kijejwe kurwanya ikiza c’umugera wa Corona mu bihumbi 14 vy’amadolari ku kwezi. Ni ukuvuga ibihumbi 84 vy’amadolari mu kiringo c’amezi atandatu.

Tsogwane yatangaje ko umukuru w’igihugu na wenyene ubwiwe, hamwe n’abashikiranganji n’ivyegera vy’abashikiranganji bose banditse amabaruwa aho barekuriye ko imishahara yabo ikatwa ibice 10 kw’ijana kugira bifashe igihugu kurwanya ikiza c’umugera wa Corona. Yasavye abandi gutanga intererano zabo zaba iz’amafaranga canke izindi ntererano.

Reta ya Botswana yafashe ingingo za Guma mu Rugo mu ntumbero y’ukugabanya ikwiragira ry’ikiza c’umugera wa Corona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG