Uko wahagera

New York Barasaba Gufashwa Gupfuba Abishwe na COVID-19


Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Senateri Charles Schumer hamwe n’umushingamateka Alexandria Ocasio-Cortez batowe muri reta ya New York basavye reta y’Amerika gufashisha iyo reta amafaranga yo gupfubana iteka abahitanwe n’umugera wa COVID-19.

Abo baserukira abanyagihugu bavuga ko ubwo buryo bw’amafaranga bwofasha imiryango yo mur’iyo reta itishoboye hamwe n’iyo abirabure itagira amafaranga yo gupfuba ababo bahitanwe n’uwo mugera.

Perezida Donald Trump kuwa 20 z’ukwezi kwa gatatu yaremeje amafaranga yo gufasha abahuye n’ibiza bikomeye, ariko gushika ubu ntaremeza ko yofasha abatishoboye gupfuba ababo bahitanwe n’ico kiza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG