Uko wahagera

New York Yoba Igiye Kworoherwa na COVID-19?


Abajejwe gutabara abarwayi ku bitaro vy'i Elmhurst i New York, batwaye umurwayi w'umugera wa Corona Kw'itariki ya 6/04/2020.
Abajejwe gutabara abarwayi ku bitaro vy'i Elmhurst i New York, batwaye umurwayi w'umugera wa Corona Kw'itariki ya 6/04/2020.

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Buramatari wa Reta ya New York yashikirije kuri uyu wa mbere ko bishoboka ko reta arongoye igiye kuronka agahengwe kubijanye n’ikiza ca Corona, ariko ko hakiri kare kuvyemeza.

Andrew Cuomo yashikirije ko ibitigiri vy'abandura bashasha COVID-19 bisa n'ivyagumye ku rugero rumwe. Abarwayi bakeneye ibitaro bagumye ku gitigiri kiri hamwe mu misi itatu iheze, kandi n’abasaba ivyuma bibafasha guhema baragabanutse.

Ariko ashikiriza ko reta ya New York ikiri imbere muri Amerika yose mu ma reta yasinzikajwe n'ico kiza, aho abarenga 130000 bamaze kuwandura n’4758 bamaze gupfa.

Cuomo amenyesha ko ikiringo cashinzwe co kwugara ibikorwa bitari ivya nkenerwa hamwe n’amashure vyongerejwe gushika kw’itariki 30 z’uku kwezi kwa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG