Uko wahagera

USA-COVID-19: Perezida Trump na Baburamatari Ntibahuza


Perezida Donald Trump n'icegera ciwe Mike Pence bari mu nama na baburamatari b'amareta ku ngingo kuri Coronavirus.
Perezida Donald Trump n'icegera ciwe Mike Pence bari mu nama na baburamatari b'amareta ku ngingo kuri Coronavirus.

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, buramatari wa reta ya New York yatangaje kuri uyu wa mbere ko “Ibihe Bibi Birangiye” naho abo umugera wa Corona umaze guhitana muri reta yiwe barenga 10000.

Buramatari Andrew Mark Cuomo ariko yongeyeko ko ibi bidasigura ko hageze guhagarika ingingo zafashwe zirimwo ko abanyagihugu birinda kwegerana hamwe n’inyifato zimwe zimwe zo kwiyanjanjwako.

Cuomo yashikirije ko ariko aravugana n’abandi baburamatari mu zindi reta ku kuntu bokwongera kwugurura ubutunzi no kureka abakozi bagasubira mu buzi hamwe n’abanyeshure bagasubira kwiga.

Amenyesha ko ba buramatari bazoganira ku musi wa mbere bakoresheje ubuhinga bwa video conference bategurire hamwe umugambi wo gusubiza amareta yabo ku mirimo.

Perezida Donald Trump we yashikirije kuri uyu wa mbere ko ari we azobona ko bikwiye gusubiza Amerika mu mirimo y’ubudandaji, atari ba buramatari b’amareta.

Ivyo yabishikirije mu gihe abahinga muvy’amagara y’abantu bashikiriza ko hari icizere ko ububi bw’ikiza ca Corona mu gihugu bugiye kurangira vuba.

Trump yasavye ko abantu bobandanya birinda kwegerana gushika mu mpera z’ukwezi kwa kane ariko kandi akipfuza ko igihugu cosubira mu buzima cose canke ibice bimwe bimwe mu ntango z’ukwezi kwa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG