Uko wahagera

Uganda: Abashinwa Ntibubahiriza Amategeko y'Umugera wa Corona


Ingenzi zipimwa umugera wa Corona ku kibuga c'indege mpuzamakungu i Entebbe.
Ingenzi zipimwa umugera wa Corona ku kibuga c'indege mpuzamakungu i Entebbe.

Abategetsi b’Ubuganda barafashe Abashinwa batandatu hamwe n’Abaganda babiri bagiriza kuba bari mu mugambi wo gukwirakwiza umugera wa Corona, inyuma yo guca kubiri n’ingingo yo kubagumiza mu kibanza ca bonyene.

Abo bagabo umunani bafatiwe ku rubibe ku musi w’Imana, aho abo bashinwa bariko bagerageza kwinjira muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo.

Abo bashinwa batandatu hamwe n’abo Baganda babiri bazofungwa imyaka irenga indwi mu gihe bokwagirwa n’ivyo vyaha. Abo baganda babiri na bo bagirizwa icaha co gufasha abo bashinwa guhunga ikibanza basabwe kugumamwo.

Ubushikiranganji bw'amagara y’abantu muri Uganda bwashikirije ko ivyo bizobera akarorero abandi bantu barenga 1800 bashizwe mu kibanza ca bonyene mu kurindira ko bimenyekana ko banduye canke batanduye uwo mugera.

Ivyo ni mu gihe ico gihugu ejo kuwa mbere caronse abandi umunani bagaragaye ko banduye Corona, bica bishikana ku bitigiri vy’abantu icenda muri rusangi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG