Uko wahagera

Afurika Yahagurukiye Virusi ya Corona


Ibihugu vyinshi vyo muri Afrika biriko birashikiriza ingingo zikomeye zo kugerageza guhagarika ikwiragizwa ry’ikiza ca virusi ya corona, kimaze kwandukira abantu barenga ibihumbi 200 kw’isi hose, no guhitana abarenga ibihumbi icyenda.

Ivyo bihugu vyarugaye imbibe, amashule, na za kaminuza, kandi vyarabujije abanyagihugu gukoranira mu kibanza kimwe ari benshi. Ku musi wa gatatu, igihugu ca Uganda carafashe ingingo ibuza amakoraniro y'amadini n'ayo ubugeni.

Afrika y’Epfo carateye akamo gasaba uburiro n’ubunywero kugurisha gusa ku bantu batwara ivyo binyobwa n’ibifungurwa mu ngo zabo.

Naho, igihugu ca Sierra Leone, naho ata muntu n'umwe aratorwa umugera w’ico kiza, ku musi wa mbere, carafashe ingingo ibuza amakoraniro y’abantu barenga 100.

Mu gihugu ca Cote d’Ivoire gifise abantu batandatu banduye uwo mugera kandi ata n’umwe kirahitana, abanyagihugu baho bavuze ko reta yakabije mu gufata ngingo zo kubasaba gukaraba intoke cane.

Ku musi wa gatatu kandi ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe kwitaho amagara y’abantu OMS, vyarateye akamo ibihugu vyo muri Afrika kabisaba gufata ingingo zibuza abanyagihugu gukoranira mu kibanza kimwe ari benshi

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG