Uko wahagera

Rwanda: Abamaze Kwandura Virusi ya Corona Bageze kuri 36


Rwanda Corona
Rwanda Corona

Reta y’u Rwanda yatangaje kuri uyu wa mbere ko habonetse abandi bantu bashasha 17 bapimwe basanga baranduye umugera wa Corona. Ibi bikaba bishikanye ku gitigiri ca 36 bamaze kuwandura mu gihugu cose.

Nkuko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Rwanda, muri abo 17 bashasha, abantu icenda baje bava i Dubai, batatu muri Kenya, babiri muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, umwe yaturutse muri Qatar, uwundi mu Buhindi, uwundi umwe yatahuye ko yahuye n’uwundi yagaragayeko Corona mu Rwanda.

Ubwo bushikiranganji buvuga ko izo ngenzi zose zinjiye mu Rwanda, zitangura gupimwa no gushirwa mu kibanza ca bonyene hagati y’amatariki ya 17 na 20.

Rwanda Corona Virus
Rwanda Corona Virus

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG