Uko wahagera

OMS: Umugera Corona Woba Ugiye Kwitwa Ikibazo Mpuzamakungu?


Ingenzi zivuye mu Bushinwa zishitse ku Kibuga c'indege mpuzamakungu Jomo Kenyatta. Kw'itariki 29/01/2020
Ingenzi zivuye mu Bushinwa zishitse ku Kibuga c'indege mpuzamakungu Jomo Kenyatta. Kw'itariki 29/01/2020

Umuyobozi w’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku magara y’abantu, OMS, avuga ko kuri uyu wa kane bafata ingingo nimba umugera wa Corona wokwitwa ikibazo cihutirwa kandi giteye impungenge amakungu.

Mu ndwi iheze OMS yarakoranye kuri ico kibazo ariko ntiyabashije gufata iyo ngingo kuko abari bamaze kwandura bari munsi y’6000.

Ibihugu bitari bike vyarakuye abanyagihugu bavyo mu gisagara ca Wuhan, aho uwo mugera watanguriye kugaragara. Indege zigira ingendo mpuzamakungu zarahagaritse kuja mu Bushinwa.

Dr. Tedros Adhanom Ghebreyesus ayoboye OMS yashikirije ko 99 kw’ijana vy’abo bantu 6000 bamaze gufatwa bari mu Bushinwa. Ibindi bihugu 15 bimaze kuronka abanduye 68. Gushika kuri uyu wa gatatu, abantu 132 baramaze kumenyekana ko bapfuye, bose bapfiriye mu Bushinwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG