Uko wahagera

Amerika n'Ubushinwa Basinye Amasezerano y'Ubudandaji


Icegera c'umushikiranganji wa mbere w'Ubushinwa, Liu He na Perezida Donald Trump basinya igice ca mbere c'amasezerano yo guhanahana ibidandazwa, i Washington, itariki 15/01/2020.
Icegera c'umushikiranganji wa mbere w'Ubushinwa, Liu He na Perezida Donald Trump basinya igice ca mbere c'amasezerano yo guhanahana ibidandazwa, i Washington, itariki 15/01/2020.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump hamwe n’icegera c’umushikiranganji wa mbere w’Ubushinwa Liu He, barasinye igice ca mbere c’amasezerano agamije gutorera inyishu ibibazo vyo guhanahana ibidandazwa vyari bimaze amezi 18 hagati y’ivyo bihangane bibiri muvy’ubutunzi kw’isi.

Perezida Trump yashikirije ejo kuwa gatatu ko ari amasezerano azozanira inyungu impande zose uko ari zibiri kandi atsimbataze amahoro kw’isi.

Mu gihe abakuru b’amahinguriro muri Amerika bashima ibiri muri ayo masezerano, abategetsi b’abademokrate mu nama nshingamateka bo bavuga ko atashoboye gutorera inyishu ibibazo bikomeye vyari kugirira inyungu abarimyi hamwe n’abakozi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG