Uko wahagera

Amerika n'Ubushinwa Vyumvikanye ku Masezerano y'Ubudandaji


Umushikiranganji w'ubudandaji w'Ubushinwa Wang Shouwen
Umushikiranganji w'ubudandaji w'Ubushinwa Wang Shouwen

Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ubushinwa vyatangaje uno musi ku wa gatanu ko vyumvikanye ku rwandiko rw’intambwe ya mbere y’amasezerano yerekeye ubudandaji hagati y’ivyo bihugu bibiri. Ivyo bizotuma ata ruhande na rumwe rushira amatagisi ku bidandazwa bivuye ku rundi.

Ku bw’ayo masezerano, abategetsi b’Ubushinwa bavuga ko igihugu cabo kizokwongereza ibidandazwa bivuye mu burimyi, ibijanye n’amasoko ntanganguvu hamwe n’imiti kigurira muri Amerika.

Icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubushinwa, Wang Shouwen, amenyesha ko ivyo bizotuma ugukorana hagati y’Ubushinwa na Amerika bikomera kurushiriza.

Ivyerekeye ayo masezerano bitangajwe imisi ibiri gusa imbere yuko vyari bitegekanijwe ko ingingo ya Amerika y’ugushira amatagisi ku bidandazwa vy’agaciro k’imiliyaridi 160 z’amadolari bivuye mu Bushinwa ija mu ngiro.

Vyari bitegekanijwe ko ayo matagisi ashirwa mu bikorwa kw’italiki 15 z’ukwezi kw’icumi na kabiri muri uyu mwaka w’i 2019.

Mu butumwa ku rubuga Twitter, prezida wa Amerika, Donald Trump yemeje ko ayo matagisi atagishizwe mu bikorwa. Amenyesha ko bazotangura ibiganiro ku ntambwe ya kabiri y’ibiganiro ku bijanye n’ubudandaji n’igihugu c’Ubushinwa buno nyene ah’ukurindira gushika inyuma y’amatora yo mu mwaka uza muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG