Uko wahagera

Amerika Yimye Visa Umushikiranganji wa Irani w'Imigenderanire


Mohammad Javad Zarif, umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu.
Mohammad Javad Zarif, umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu.

Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika cimye visa umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mohammad Javad Zarif, nkuko vyashikirijwe n’umutegetsi w’Amerika atashimye ko izina ryiwe rija ku mugaragaro.

Ivyo ni mu gihe uruhagarara hagati y’ivyo bihugu bibiri rubandanya rwiyongera, inyuma y’aho Amerika yiciye umusirikare akomeye wa Irani, Qassem Soleimani, i Baghdad ku musi wa gatanu.

Zarif yari uwari kwitaba inama ya ONU ijejwe umutekano kw'isi i New York ku musi wa kane kandi yari guhabwa umwanya wo kunegura ku mugaragaro Reta zunze ubumwe z’Amerika ku rupfu rwa Soleimani.

Mu gihe amategeko ya ONU ategeka Amerika guha uburenganzira abadiplomate bwo kuja ku cicaro ca ONU, mumanama nk'ayo, Amerika yisigura ivuga ko ishobora kwimana visa ku mpamvu z’umutekano, izo kwirinda iterabwoba hamwe na politike yayo mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG