Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, abantu batatu bishwe barashwe kw’isoko bita Walmart mu gisagara ca Duncan, muri reta ya Oklahoma, iri mu bumanuko bwo hagati, nkuko vyashikirijwe n’igiporisi kuri uyu wa mbere.
Uwarashe nawe ari muri abo batatu bishwe, nkuko bishikirizwa n’ikinyamakuru candikira muri ico gisagara, Duncan Banner.
Igiporisi kiriko kirabaza abari aho igihe uwo muntu arasa, nkuko umukuru w’igiporisi mu gisagara Duncan, Danny Ford yabibwiye abamenyeshamakuru.
Ubu bwicanyi bukurikiye ubundi bwabaye mu kwezi kwa munani, aho uwitwaje inkoho yishe abantu 22 muri iyo soko ya Walmart mu gisagara ca El Paso, muri reta ya Texas hafi y’urubibe na Mexique. Uwabishe yavuze ko yarondera abamuka muri Mexique.
Facebook Forum