Uko wahagera

Perezida Trump Yagendeye Abacitse kw'Icumu i Dayton na El Paso


Perezida Trump mu gisagara ca El Paso

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump, aherekejwe n’umutambukanyi wiwe Melania Trump, bagendeye ibitaro birimwo abacitse kw’icumu mu bwicanyi buhitiye mu ma reta ya Ohio na Texas.

Perezida yirinze kuja mu bibanza aho iryo bara ry’ubwicanyi kivunga ryabereye hafi y’inzu y’ubutambiro mu gisagara ca Dayton, no kw’isoko rya Walmart muri El Paso, ahiciwe abantu 31.

Ivyo bibanza uko ari bibiri kuri uyu wa gatatu vyarimwo imyiyerekano y’abatari banezerejwe n’urugendo rwa Trump, basaba ko hoba kugenzura no gusubiramwo amategeko aha uburenganzira abanyamerika gutunga inkoho.

Perezida Trump imbere yo gufata urwo rugendo, yabwiye abamenyeshamakuru ko amajambo yiwe atari yo atuma haba urwanko ruhamagarira abitwaje inkoho gusasika inganda mu bibanza vyo gusumiramwo, ivyo kwinezerezamwo, mu masengero n’amashure.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG