Uko wahagera

Ubwicanyi Bwabaye muri Amerika Bwoba Bufitaniye Isano n'Ivangura?


Perezida Donald Trump avuga ku bwicanyi bwa Ohio na Texas
Perezida Donald Trump avuga ku bwicanyi bwa Ohio na Texas

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yatangaje uno musi ku wa mbere ko Abanyamerika bategerezwa kwiyamiriza urwanko rufatiye kw’ibara ry’urukoba, hamwe n’ukutihanganira abo mudasangiye ivyiyumviro.

Ivyo ni inyuma y’uko abantu bitwaje ibirwanisho bishe abantu 30 mu gitero cabereye muri za reta zibiri: Texas na Ohio. Abategetsi bavuga ko bisa nuko ari icaha gifatiye ku rwanko rw’abo mudasangiye ibara ry’urukoba.

Prezida wa Amerika, Donald Trump ntiyavuze ku vyagirizo vyuko amajambo yiwe avuga nabi abimukira n’amajambo afatiye kw’ibara ry’urukoba vyoba vyagize uruhara ku kwiyongera kw’ivyaha vy’urwanko rufatiye kw’ibara ry’urukoba muri Amerika.

Prezida Trump yavuze ko ivyo vyiyumviro bigayitse bitegerezwa kuzimanganywa. Yatangaje ko urwanko ata kibanza rufise muri Amerika, kandi ko ikibi kirandura imitima y’abantu.

Ku musi wa gatandatu umuntu yitwaje ibirwanisho yishe abantu 21 mu kibanza abantu basumiramwo ibintu ca “Walmart” mu gisagara ca El Paso muri Reta ya Texas. Ubwo bwicanyi buvurwa ko cari icaha gifatiye ku rwanko rw’abo mudasangiye ibara ry’urukoba.

Amasaha 13 inyuma, uwundi muntu yitwaje ibirwanisho yishe abantu 9 mu gisagara ca Dayton, muri Reta ya Ohio. Abandi bantu batari bake barakomeretse muri ivyo bitero vyompi.

Prezida wa Amerika Donald Trump yategetse ubushikiranganji bujejwe ubutungane gutohoza iterabwoba rikozwe n’abanyamerika bari hagati mu gihugu. Yasavye ko hashirwaho itegeko rituma abakoze ivyaha bifatiye ku rwanko n’ubwicanyi bw’ikivunge bahabwa igihano c’urupfu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG