Uko wahagera

USA:Ubuhamya kw'Iperereza kuri Trump Bwinjiye mu Ndwi ya Kabiri


Abashingamateka ba Amerika mu ngoro y'inama nshingamateka i Washington DC
Abashingamateka ba Amerika mu ngoro y'inama nshingamateka i Washington DC

Ukwumviriza abafise ivyo bazi mw’iperereza ririko rirakorwa kuri perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika kwinjiye mu ndwi igira kabiri.

Abandi bategetsi umunani bagizwe n’abakiri mu mirimo ndetse n’abayihozemwo bitezwe kwitaba ubutumire bwa komisiyo y’inama nshingamateka ijejwe ibibazo vy’iperereza muri iyi ndwi. Uwo benshi bafise igishika co kwumviriza ku musi wa gatatu ni Gordon Sondland, ambasaderi w’Amerika mu muryango w’ubumwe bwa Bulaya.

Mu vyo yabwiye iyo komisiyo mu mwiherero, Sondland, yavuze ko mu ntango z’ukwezi kw’icenda yigeze kuburira umwe mu bafasha ba perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskiy ko ashobora kutazoronswa imfashanyo za gisirikare yari akeneye kiretse ashikirije ku mugaragaro ko azotanguza amatohoza kuri Biden.

Iyo Mpa Ndaguhe Trump yama yahakanye, niyo abashingamateka b’abademokrate bariko barakorerako kugira baronke ingene bamwagiriza.

Ku musi wa kabiri naho, Komisiyo y’inama nshingamateka ijejwe iperereza itegekanya kwumviriza Jennifer Williams, umufasha wa visi perezida Mike Pence ajejwe ivy’imigenderanire n’amakungu.

Hazokwumvirizwa kandi Lt. Col. Alexander Vindman, umuyobozi ajejwe ibibazo vy’Ubulayi mu kanama k’igihugu kajejwe umutekano. Bose uko ari babiri barumvirije ikiganiro Trump yagiranye kuri telephone na perezida Zelenskiy wa Ukraine kandi baragaragaje amakenga kuvyo Trump yamusavye.

Haruhande ya Sondland, ku musi wa gatatu kandi hazumvirizwa Laura Cooper, umutegetsi mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi na David Hale, icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire, ajejwe ibibazo vya politike. Fiona Hill, yahoze ari umuyobozi ajejwe ibibazo vy’Ubulayi n’Uburusiya mu kanama k’igihugu kajejwe umutekano w’igihugu nawe yitezwe ku musi wa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG