Uko wahagera

Imyiteguro ya Nyuma yo Gukombora Perezida Trump Canke Kumweza


Abagize umurwi w’inama nshingamateka ya Amerika ujejwe iperereza bari mu myiteguro ya nyuma y'ukubaza ku mugaragaro ababonye ivyabaye ku bijanye n’itohoza ry’ukumenya niba Prezida wa Amerika, Donald Trump yarakoze ivyaha bifatiye kuri dosiye y’igihugu ca Ukraine bishobora gutuma akurwa ku butegetsi hamwe vyomwagira.

Imirwi igize inama nshingamateka itandukanye ijejwe amatohoza yarashize ahabona ivyatangajwe n’ababonye ivyabaye. Baravuze ido n’ido ukugene Prezida Trump n’abafasha biwe baremeye igihugu ca Ukraine kugira gitanguze amatohoza kuri Joe Biden yahoze ari icegera ca prezida n’umuhungu wiwe, Hunter Biden. Joe Biden abonwa ko ari we azoshobora guhiganwa na Prezida Trump mu matora ya prezida azoba muri Amerika mu mwaka uza w’i 2020.

Ku musi wa mbere Prezida Trump yaranebaguye amatohoza ariko agirwa kuri we avuga ko agenewe kwikurako umuntu badakunda. Avuga ko azosohora ivyo yavuganye kw’itelefone na prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskiy kugira yerekane ko ataco yiyotsa.

Prezida Trump mu kiganiro kw’itelefone na Prezida Zelenskiy avurwa ko yamusavye kugira amatohoza kuri Joe Biden n’umuhungu wiwe, Hunter Biden ku bijanye na ruswa. Prezida Trump avuga ko ico kiganiro yagiranye na Prezida Zelenskiy ata kibazo na kimwe giteye

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG