Uko wahagera

Uwahoze ari Ambasaderi w'Amerika muri Ukraine Arumvirizwa


Marie Yovanovitch yahoze ari ambasaderi w'Amerika muri Ukraine

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, abashingamateka barabandanya kwumviriza ku mugaragaro abafise ivyo bazi kuri dosiye y’ivyaha Perezida Donald Trump akekwako, vyotuma yagirizwa, akaburana, bimwagiriye agakurwa ku butegetsi.

Kuri uyu wa gatanu Marie Yovanovitch, yahoze ari ambasaderi w’Amerika muri Ukraine, agakurwa muri ayo mabanga mu ntango z’uyu mwaka na Prezida Trump ni we yumvirizwa.

Akurikiye William Taylor, Ambasaderi w’Amerika muri Ukraine, na Georges Kent, icegera c’umufasha w’umunyamabanga mu bushikiranganji bw’Amerika bw’imigenderanire n’ayandi makungu ajejwe politike y’Amerika mu Bulayi na Aziya bumvirijwe ku musi wa gatatu.

Abo badiplomate uko ari batatu bari barumvirijwe mu mwiherero, ku twigoro twa Trump two gusaba Ukraine gutohoza kuwahoze ari icegera ca perezida Joe Biden.

Abademokrate bavuga ko kwumviriza ivyabona ku mugaragaro abanyamerika babikurikirana ikibiriraho ku mateleviziyo yabo bizotuma bamenya ivyabaye.

Ariko mu butumwa yashikirije ku rubuga Twitter ejo kuwa kane, Perezida Trump yavuze ko iperereza ariko arakorerwa ari ikinyoma ataho gifatiye, ari ikintu kibi cane ku gihugu kandi ari inkinamico.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG