Uko wahagera

Umugambwe Renamo Usaba Gusesa Ivyavuye mu Matora


Umukuru w'umugambwe Renamo, Ossufo Momade, mu myiyamamazo y'amatora yo kuwa 15/10/2019.
Umukuru w'umugambwe Renamo, Ossufo Momade, mu myiyamamazo y'amatora yo kuwa 15/10/2019.

Umugambwe Renamo utavuga rumwe n’ubutegetsi muri Mozambike kuri uyu wa gatatu warungitse ibirego muri sentare. Basaba ko amatora yabaye kw’itariki 15 z’ukwezi kw’icumi ahanagurwa kuko yabayemwo ubusuma.

Renamo, watahukanye amajwi 22 kw’ijana nkuko biharuro vyashikirijwe na komisiyo y’amatora yabitangaje ku musi w’Imana.

Perezida Filipe Nyusi wo mu mugambwe Frelimo, ni we yatsindiye iyindi manda y’imyaka itanu.

Frelimo na Renamo, barwanye intambara kuva mu mwaka w’1975 gushika 1992, yahitanye ubuzima bw’abantu bashika ku muliyoni. Mu kwezi kw’umunani barasinye amasezerano y’amahoro mu cizere ko izo ntambara zisezerewe ubutakigaruka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG