Uko wahagera

FRELIMO Ibonwa ko Izotsinda Amatora yo muri Mozambike


Aha ni mu cyumba cy'ibarura ry'amajwi mu gisagara ca Maputo

Ibiharuro vyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu n’ayo abashingamateka yabaye mu gihugu ca Mozambike vyerekana intsinzi ikomeye y’umugambwe uri ku butegetsi, Frelimo na Perezida Felipe Nyusi.

Ivyo vyatumye bamwe mu bakwirikirana ibintu bagira amazinda ku kwizigirwa ko amatora yabaye ku musi wa kabiri. Bagabisha ko intsinzi n’amajwi menshi cane y’umugambwe uri ku butegetsi ishobora gutuma umutekano muke ubandanya mu gihugu.

Umurwi w’igihugu ujejwe amatora muri Mozambike nturashikiriza icese ivyavuye mu matora. Yamara urunani rw’amashirahamwe aharanira inyungu z’abanyagihugu muri Mozambike rubona ko Perezida Nyusi azotsinda n’ibice 71 kw’ijana vy’amajwi.

Ni mu gihe uwo bahiganwa ayoboye umugambwe utavuga rumwe na Reta, Renamo, Ossufo Momade, bivugwa ko afise ibice 21 kw’ijana gusa.

Bisa n’uko umugambwe uri ku butegetsi muri Mozambike, Renamo uri ku butegetsi kuva ico gihugu cikukira mu mwaka w’i 1975, uzotsindira ibibanza vyinshi mu nama nshingamateka. Uwo mugambwe ubwonwa kandi ko ushobora gutsindira nka vyose mu bibanza 10 rya ba bulamatari mu gihugu.

Indorerezi z’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi, zaranebaguye ibintu bitari bike vyaranze amatora, harimwo kuba indorerezi zigenga zitarekuriwe gukwirikirana igikorwa c’uguharura amajwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG