Perezida wa Mozambike Filipe Nyusi ni we yatsindiye amatora yo muri uku kwezi. Ivyo vyatangajwe na komisiyo y’amatora kuri uyu w’Imana, n'aho abavuga ko yabayemwo ubusuma biyongera.
Nyusi wo mu mugambwe Frelimo uri ku butegetsi yatahukanye amajwi 73 kw’ijana, imbere ya Ossufo Momade yaronse amajwi 22, w’umugambwe Renamo, wahoze ari umuhari witwaje ibirwanisho urwanya reta.
Indorerezi zarungitswe n’umuryango w’iterambere ry’ibihugu vyo mu bumanuko bwa Afurika, SADC baremeje ivyavuye muri ayo matora, bavuga ko guharura amajwi vyabaye mu mahora, ata busuma bwabaye.
Facebook Forum