Uko wahagera

Abimukira Muri Afurika y'Epfo Baraturatuzwa n'Igiporisi


Impunzi muri Afurika y'epfo bahejeje kwirukanwa aho bahungiye ku biro vya HCR i Cape Town, kw'itariki 30/10/2019.
Impunzi muri Afurika y'epfo bahejeje kwirukanwa aho bahungiye ku biro vya HCR i Cape Town, kw'itariki 30/10/2019.

Igiporisi muri Afurika y’Epfo cahagaritse abanyamahanga bashika kw’ijana bari bacumbitse ku biro vya HCR i Cape Town, biyamiriza urwanko n’ubugizi bwa nabi bikorerwa abanyamahanga.

Abo banyamahanga, benshi barwiriyemwo Abanyafrika, bavuga ko barambiwe no gufatwa nabi hamwe no gukorerwa ivangurwa muri Afrika y’Epfo.

Basavye ishirahamwe mpuzamakungu ONU kubimurira mu kindi gihugu, bavuga ko badatekaniwe muri Afrika y'Epfo inyuma y’ibitero bakorewe mu kwezi guheze.

Afurika y’epfo ihaye indaro abasaba ubuhungiro hamwe n’impunzi bangana 268000, nkuko ibiharuro reta ishikiriza bivyerekana. Benshi bamuka muri Somaliya, Etiyopiya, Zimbabwe na Republika ya demokarasi ya Kongo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG