Uko wahagera

Imiriro Yateye Imihana ya ba Rurangiranwa muri California


Kajugujugu iriko irazimya imiriro
Kajugujugu iriko irazimya imiriro

Abazimya imiriro muri reta ya Californiya bariko bararwana n’imiriro mishasha yadutse kuri uyu wa mbere, mu gisagara ca Los Angeles.

Umukuru w’ico gisagara, Eric Garcetti yashikirije ko iyo miriro yadutse mu burengero bwa Los Angeles yatanguye mu gaturuturu ko kuri uyu wa mbere. Yavuze ko imaze guhitana amazu ashika atanu hamwe n’amahegitari y’ubutaka 200.

Ni akarere karimwo amazu azimvye cane kandi ibihumbi vy’abanyagihugu bahisemwo guta ingo zabo.

Umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaboko Basketball, LeBron James, asanzwe aba muri ako karere, yavuze ko yahungishijwe hamwe n’umuryango wiwe.

Abazimya imiriro bariko bararwanya n’iyindi miriro mu bice bitandukanye vy’iyo reta, harimwo igice kinini co mu buraruko.

Abategetsi ba Califoniya bategetse ku musi w’Imana ko iyo reta ishirwa mu bihe bidasanzwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG