Uko wahagera

Reta ya California Yugarijwe n'Imiriro y'Inkazi mu Mashamba


Imiriro y'inkazi muri California

Buramatari wa Reta ya Californiya muri Reta zunze ubumwe z’Amerika yatangaje ko reta yiwe ishizwe mu bihe bidasanzwe ku bwo imiriro yo mu mashamba hamwe na miliyoni z’abanyagihugu batagira umuyagankuba.

Abanyagihugu 200000 bahisemwo guhunga ingo zabo mu buraruko bw’igisagara San Francisco.

Abategetsi bashikirije kuri uyu w’Imana ko ibice cumi kw’ijana vy’uwo muriro bimaze kuzimwa.

Mu mwaka uheze, imiriro nk’iyo yarishe abantu 85, ibisagara bitari bike birasha muri iyo reta nyene ya California.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG