Uko wahagera

RDC: Isanganya ya Bus Ryahitanye Abarenga 30 i Mbanza-Ngungu


Imodokari yatemvye kw'ibarabara ry'i kolwezi ku birometero 175 uva Lubumbashi, muri RDC. Isanamu yafashwe itariki 18/03/2018.

Abantu bashika 30 barapfuye igihe imidokari ya bus barimwo itereye ibarabara ica iraka hafi y’umurwa mukuru Kinshasa, muri Republika ya demokarasi ya Kongo. Aya makuru yashikirijwe n’umutegetsi kuri uyu w’Imana.

Umuvugizi wa Croix Rouge, David Nsiala yashikirije ko abandi 18 bahiye bikomeye. Iyo bus yari yuzuye abantu n’ibidandazwa yari ivuye ahitwa Lufu yerekeza i Kinshasa, igihe ifile yayo yacika, umushoferi aca aterwa n’ubwoba, nkuko vyashikirijwe n’icegera ca musitanteri wa teritware ya Mbanza-Ngungu.

Perezida Felix Tshisekedi yahojeje imiryango yabuze, yongera ahitamwo gusiba urugendo yari yategekanije kujamwo mu Buyapani, mu birori vyo kwimika umwami Naruhito kuwa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG