Uko wahagera

Gari ya Moshi Zasekanye Zishe Abantu 10 muri Kongo


Itereni mu ntara ya Katanga, muri Kongo yataye ibarabara, hari itariki 12/11/2017
Itereni mu ntara ya Katanga, muri Kongo yataye ibarabara, hari itariki 12/11/2017

Abantu cumi na batatu baguye mw’isanganya ya gari ya moshi zibiri zasekanye muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo.

Iyo sanganya yabaye mu bucagucagu bwo kuri uno wa mbere mu karere kitwa Ngondji, ni mu bumanuko bwa Congo.

Igisata kijejwe gucungera ingene za gariyamoshi zikora muri ico gihugu casiguye ko abaguye muri iryo sanganya bari bagizwe n’ingezi zitagira ivya ngombwa. Igiporisi muri ico gihugu cemeje ayo makuru kivuga ko amatohoza y’icatumye iryo sanganya aja yatanguye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG