Uko wahagera

Guterres mu Rugendo muri Congo Kwirabira Ivya Ebola


Umunyamabanga mukuru wa ONU,

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu ndwi iza azogendera igihugu ca Repubulika iharanira demokarasi ya Congo gihanzwe n’ikiza ca Ebola.

Antonió Guterres ategekanya kuzogendera ico gihugu imisi itatu, guhera kw’itariki 31 z’uku kwezi kwa munani. Umuvugizi wiwe, Stephane Dujarric, yabwiye abamenyeshamakuru ko Guterres yipfuza kwirabira uko ivya Ebola vyifashe no guhamagarira abafasha kwongereza amafaranga kugira bahangane n’ico kiza.

Mu bo bazobonana muri urwo rugendo harimwo perezida Felix Tshisekedi ku murwa mukuru, Kinshasa.

Iyi nkuru Ijwi ry’Amerika riyikesha umumenyeshamakuru waryo ku cicaro ca ONU i New York, Margaret Besher.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG