Uko wahagera

RDC: Umwana w'Imyaka 7 Yishwe na Ebola muri Teritware ya Mwenga


Umuforoma ariko akurikirana umwana arwaye Ebola i Butembo, itariki 13/08/2019. (Unicef)
Umuforoma ariko akurikirana umwana arwaye Ebola i Butembo, itariki 13/08/2019. (Unicef)

Abategetsi muvy’amagara y’abantu muri Republika iharanira demokarasi ya Congo bashikirije kuri uyu wa mbere ko hagaragaye uwundi yishwe na Ebola mu ntara ya kivu y’ubumanuko, abaye uwugira gatatu mu buseruko bwa Congo.

Umwana w’imyaka indwi yarapfuye kuw’Imana yishwe na Ebola, hafi ya Chowe, muri Teritware ya Mwenga, nkuko vyashikirijwe na muganga Claude Bahizire, ajejwe gutangaza amakuru mu ntara y’ubuvuzi mu bumanuko bwa Kivu y’Ubumanuko.

Yongeye avuga ko abandi bagore babiri bakiriwe mu bitaro i Bukavu, ku murwa mukuru wa Kivu y’ubumanuko bafise ibimenyetso vya Ebola.

Haraheze umwaka, Ebola imaze guhitana abantu 1.934 abandi 862 barakira, nkuko ibiharuro vyatangajwe n’abategetsi mu binyamakuru ku musi w’Imana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG