Inyuma y’imisi 29 bari mu kigo gikurikirana abanduye Ebola mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, kandi barwana n’ubuzima, umuvyeyi hamwe n’umwana wiwe baratahutse ku musi wa kabiri bakize n’umunezero ntangere.
Esperance Nabintu n’umuhungu wiwe w’umwaka umwe Ebenezer Fataki, barishimwa kubona barokotse ico kiza cahitanye umugabo akaba na se w’umwana wiwe.
Bari mu bantu barenga 2,800 bamaze kwemezwa ko banduye Ebola imaze guhitana abashika 1,900 kuva yadutse haraheze umwaka, mu buseruko bwa Kongo.
Uwo muvyeyi hamwe n’umwana batahutse inyuma y’aho abahinga batangarije ku musi wa mbere ko imiti ibiri bageragereje muri Reta zunze ubumwe z’Amerika yerekanye ko ivura Ebola kandi ko igiye guhabwa abarwayi bose ba Ebola muri Kongo.
Ariko Ntibiramenyekana umuti wakoreshejwe mu kuvura uwo muvyeyi n’umwana.
Facebook Forum