Omar al-Bashir yigeze kuba perezida wa Sudani yarengutse imbere ya sentare kuri uyu wa mbere kwisigura ku vyaha yagirizwa vyo kurya ruswa, inyuma y’amezi ane akuwe ku butegetsi n’abasirikare.
Bashir, yarongoye Sudani imyaka 30, yagirizwa gutunga amafaranga y’abanyamahanga atavyemerewe n’amategeko kandi yaronka utuganuke mu buryo butemewe n’amategeko. Abamukozeko amatohoza babwiye sentare ko Bashir yabemereye ko yahawe amamiliyoni y’amadolari y’abanyamerika na Arabiya Sawudite.
Abanyagihugu bo ku murwa mukuru Khartoum batanezerejwe n’urwo rubanza, benshi bavuga ko ivyo vyaha ari bito cane kandi bije biteba. Umunyagihugu Abdullah Mahmoud yabwiye Ijwi ry’Amerika ko sentare yirengagije ivyaha bikomeye vy’ihonyabwoko, kandi ari vyo yari akwiye kubanza kwisigurako ubwa mbere.
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yagirije uwo yahoze ari perezida wa Sudani ivyaha vyo mu ntambara, ivyaha bihungabanya ubuzima bwa kiremwa muntu n’ihonyabwoko mu ntambara yo mu ntara ya Darfur.
Facebook Forum