Omar al- Bashir yahoze ari prezida wa Sudani yaragiwe n’ivyaha vya ruswa ejo ku musi wa mungu igihe yaja ahabona ubwa mbere kuva akuwe ku butegetsi, akanapfungwa mu kwezi kwa kane.
Yaragiwe n’ivyaha vyo gutunga amafaranga y’agaciro y’abanyamahanga, hamwe no kurya ibiturire, nk’uko umushikirizamanza Alan al- Din Abdallah yabibwiye abamenyeshamakuru. Yavuze kandi ko al- Bashir azohabwa akanya ko kwiregura kuri ivyo vyaha yagirizwa.
Urwo rubanza ruzokwerekana niba reta y’imfatakibanza irongowe n’igisirikare ifise umugambi wo kuvavanura n’ubutegetsi bwiwe bw’igitugu, bwamaze imyaka 30. Ni ubutegetsi bwaranzwe n’ubwicanyi, ubukene hamwe n’itituka ry’ubutunzi bw’igihugu.
Bashir yaragirijwe ivyaha vyo kugumura abanyagihugu no kwica abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi bwiwe, kandi abashikirizamanza bashaka kumusambisha ku birego vyo gukoresha amafaranga yaronse mu buryo buteye kubiri n’amategesko hamwe no ku birego bivuga ko yahaye imfashanyo y’amafaranga imirwi ikora ibitero vy’iterabwoba.
Ku musi wa gatandatu umushikirizamanza mukuru yatangaje ko abategetsi 41 bahora muri reta ya Bashir, bariko bakorwako amatohoza ku birego bijanye na ruswa hamwe n’ibiturire.
Facebook Forum