Uko wahagera

Muri Sudani Barasubira Kuganira Kuri uyu wa Kabiri


Abagize akanama ka gisirikare hamwe n'abaserukira abakoze imyiyerekano bagira batere umukono ku masezerano i Khartoum, itariki 17/07/2019.

Muri Sudani, ibiganiro vyo gutora umuti ku bibazo bigisigaye hagati y’abasivile n’abasirikare bafashe ubutegetsi bitegekanijwe kwongera kuba ejo kuwa kabiri, nkuko vyashikirijwe n’umuhuza mur’ivyo biganiro.

Izo mpande zibiri ziza zarasinye amasezerano yo kugabangana ubutegetsi, aho bumvikanye gushinga reta mfatakibanza izoganisha igihugu ku butegetsi bw’abasivile.

Umuhuza yarungitswe n’umuryango w’ubumwe bw’Afrika Mohamed El Hacen Lebatt yashikirije ejo kuw’Imana ko ibi biganiro bizoba ivyo kwemeranya no gutangaza ibwirizwa shingiro rishasha.

Ikindi gice ca kabiri c’amasezerano kizoba gisigaye kizokwibanda ku kwemeranya kubazoja muri reta, irungikwa ry’abasirikare hamwe no guha ubudahangarwa abajenerali bagize uruhara mu kwica abari mu myiyerekano ihitiye, nkuko vyashikirijwe na Babiker Faisal aserukira abakoze imyiyerekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG