Uko wahagera

Amerika Irafise Amakenga ku Masezerano yo muri Sudani


Intumwa idasanzwe y'Amerika muri Sudani Donald Booth.
Intumwa idasanzwe y'Amerika muri Sudani Donald Booth.

Inzira igana ku kwegurira ubutegetsi abasivile muri Sudani izoba ndende kandi itoroshe, ivyo vyashikirijwe n’intumwa ya Reta zunze ubumwe z’Amerika mur’ico gihugu. Abishikirije inyuma y’indwi abasirikare bari ku butegetsi bemeranije n’imigambwe itavuga rumwe nabo amasezerano yo gusangira ubutegetsi mu kiringo c’imyaka itatu.

Ni amasezerano yemejwe inyuma y’amezi indwi y’imyiyerekano ishingiye kuri poritike yanatumye perezida Omar al-Bashir ava ku butegetsi, kandi inyuma y’ibiganiro bitari bike hagati y’abagomba gusangira ubutegetsi.

Ariko iyo ntumwa idasanzwe y’Amerika Donald Booth ivuga ko hakiri vyinshi vyo gukorwa no kuganirwako cane cane imirimo y’inzego zizoba zigize reta mfatakibanza, ububasha bw’iyo reta, umushikiranganji wa mbere, hatibagiwe kugena abazoba bari mur’iyo reta.

Booth asaba impande zaganiriye kunyarutsa gutorera umuti ivyo bibazo kugira igihugu kigarukane ubuzima na kazoza keza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG