Uko wahagera

Abagisigaye mu Masezerano na Irani Biyemeje Kuyagumamwo


Intumwa z'Uburayi na Irani, mu nama kuri Nikleyeli ya Irani Vienna, Autriche, itariki 28/07/2019.
Intumwa z'Uburayi na Irani, mu nama kuri Nikleyeli ya Irani Vienna, Autriche, itariki 28/07/2019.

Irani hamwe n’ibindi bihugu rutura bigishigikiye amasezerano yo mu 2015 abuza Teherani guhingura ibirwanisho vya Nikleyeli vyashikirije ejo kuw’Imana ko biyagumyemwo, naho Irani yashikirije ko igiye kutubahiriza bimwe mu biyarimwo, mu gihe ibihugu vya Buraya bitofasha kugira Reta zunze ubumwe z’Amerika ikureho ibihano vy’ubutunzi yagifatiye.

Abadiplomate ba Irani babonanye na bagenzi babo b’Ubwongereza, Ubufaransa, Ubudagi, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, Ubushinwa hamwe n’Uburusiya i Vienne muri Autriche. Intumwa za Irani n’iz’Ubushinwa zashikirije ko uwo mubonano wabaye ngirakamaro.

Izo mpande zabonanye inyuma y’icuka kibi gihitiye mu ndwi ziheze mu karere k’ubuseruko bwo hagati, aho Irani n’Amerika batangaje bose ko bakoroye indege za drone mu kigobe ca Hormuz, ahaca igice kimwe kuri gatanu c’ubwato bw’ibitoro mpuzamakungu.

Abadiplomate b’Ubushinwa na Irani bashikirije ko iyindi nama yo ku rwego rwo hejuru y’abashikiranganji bajejwe imigenderanire n’amakungu ishobora kuzotunganywa vuba kugira amasezerano ya Nikleyeli na Irani abandanye kuganirwako.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG