Uko wahagera

Kenya Izohana Abagirizwa Igitero mu 2015 kuri Kaminuza y'i Garissa

Kuva mu bubamfu uja i buryo: Rashid Charles Mberesero, Sahal Diriye Hussein, Hassan Aden Hassan na Mohamed Abdi Abikar, muri sentare i Nairobi, Kenya, itariki 19/06/2019.
Kuva mu bubamfu uja i buryo: Rashid Charles Mberesero, Sahal Diriye Hussein, Hassan Aden Hassan na Mohamed Abdi Abikar, muri sentare i Nairobi, Kenya, itariki 19/06/2019.

Sentare muri Kenya yaragirije abagabo batatu kuba barafashije abarwanyi b’abayisilamu bagavye igitero kuri kaminuza hasiga ubuzima abantu 148, benshi muri bo abanyeshure.

Mohamed Abdi Abikar, Hassan Aden Hassan na Rashid Charles Mberesero bazosomerwa urubanza kw’itariki 3 y’ukwezi kw’indwi.

Mu kwezi kwa kane, itariki 2, umwaka wa 2015, abagabo bane bitwaje inkoho bo mu muhari Al Shabab, barateye kaminuza y’i Garissa. Benshi mu bapfuye bari abanyeshure. Abagavye ico gitero nabo barishwe.

Al-Shabab yavuze ico gihe ko ico gitero kwari ukwihora ku basirikare ba Kenya bari muri Somaliya, aho uwo muhari w’iterabwoba uri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG