Uko wahagera

Kenya: Kaminuza ya Garissa Yarafunguye


Igihugu ca Kenya caraye congeye kwugurura kaminuza ya Garissa , ahasize ubuzima abantu benshi bahitanywe n’ibikorwa vy’iterabwoba mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Abigisha na bamwe mu banyeshure basubiye kw’ishure ejo kuwa mbere, inyuma y’amezi icenda yar’aheze abantu bitwaje ibirwanisho bahiciye abantu 148. Ivyigwa nyezina bitegekanijwe gutangura mu ndwi iza.

Iyo kaminuza yari kwugururwa muci riheze, ariko abategetsi baciye bunguruza. inyuma yaho abategetsi ba reta bahagiriye urugendo. Iyo kaminuza yarifise abanyeshure bashika amajana umunani igihe haba ico gitero ariko miringo umunani gusa nibo bahisemwo kugaruka kuhiga.

Umuhari w’iterabwoba wa Al-Shabab waragavye ibitero birenga cumi muri Kenya kuvaho abasirikare b'ico gihugu bagiriye muri Somaliya kuwurwanya mu mwaka w’ 2011.

XS
SM
MD
LG