Uko wahagera

Sara Netanyahu Yahanwe n'Ubutungane bwa Isirayeli


Sara Netanyahu, umutambukanyi w'umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu.

Umutambukanyi w’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Sara Netanyahu yaremanze ko yakoresheje nabi amafaranga y’igihugu, acirirwa na sentare kuriha 15,000 vy’amadolari y’abanyamerika.

Netanyahu yatinye gutabwa mu munyororo yemera ivyo yagirizwa ko yakoresheje nabi 100,000 vy’amadolari mu gufungurira abantu ku rugo rw’umushikiranganji wa mbere.

Si ubwa mbere Sara Netanyahu arengutswa imbere y’ubutungane. Muri 2016, sentare yakomoreye 47,000 vy’amdolari y’indishi ku wahoze amokorera mu rugo yagirije Sara Netanyahu kumuhohotera.

Ni mu gihe umutambukanyi wiwe akaba n’umushikiranganji wa mbere nawe ahanzwe n’ubutungane. Mu kwezi kwa kabiri, umushingwamanza wa reta yashikirije ko ategekanya guhana Benjamin Netanyahu ku vyaha vyo kurya ibiturire, n’ukunyuruza amafaranga ku madosiye atatu ari mu butungane.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG